Uko wahagera

Burundi: Ikibazo c'Isukari n'Igitoro Imbere y'Inama Nshingamateka


Bamwe mu bakora akazi ko kunguruza abantu biciye ku ma pikipiki barindiriye igitoro
Bamwe mu bakora akazi ko kunguruza abantu biciye ku ma pikipiki barindiriye igitoro

Mu gisagara ca Bujumbura no hagati mu gihugu c'Uburundi haribonekeza ubukene bw’isukari n’igitoro. Ibi vyatumye abashingamateka bahamagaza umushikiranganji w’ubudandaji n’amahinguriro kuri uyu wa mbere kugira atange insiguro.

Yavuze ko ubushikiranganji arongoye buriko burakora ibishoboka vyose kugira abadandanza ntibikike mu kiza ngo baduze ibiciro vy’isukari n’isima. Bamwe mu banyagisagara ca Bujumbura bavuganye n'Ijwi ry'Amerika bemeje ko ubukene bw’isukari bumaze iminsi buriko bugira ingaruka mbi ku buzima bwabo bwa minsi yose.

Umushikiranganji w’ubudandaji Capitoline Niyonizigiye, arizeza ko ico kibazo ubushikiranganji arongoye bwagifashe mu ntoki, kandi ko umudandaza azosubira kwikika mu kiza akarenza ibiciro vyashinzwe na reta azobihanirwa.

N’igitoro co mu bwoko bwa Essence kirakenye. Ku ma station amwe amwe ntakihari, ahandi n’aho bakaduza igiciro canke bakanka kugitanga nk’uko vyemezwa na bamwe mu banyagihugu bavuganye n'iwji ry'Amerika.

Abashingamateka n’abakenguzamateka babajije umushikiranganji w’ubudandaji n’amahinguriro igituma isukari, igitoro ndetse n’ibindi bidandazwa vya nkenerwa nk’isima bikenye. Bafise amakenga ko nk’isukari ishobora kuba ishorwa hanze y’Uburundi mu mpisho.

Umviriza ibindi kuri ino nkuru ya Pierre Claver Niyonkuru aho hepfo

Insiguro z'Umushikiranganji w'Ubudandaji ku Kibazo c'Ikena ry'Isukari n'Igitoro mu Burundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:00 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG