Uko wahagera

Burundi: Urwaruka rwa CNDD-FDD Ruteye Amakenga


Urwaruka rwegamiye imigambwe imw’imwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi muri komine rugombo mu ntara ya Cibitoke, ruratewe amakenga n’ikarashishi rimaze indwi zibiri rigirwa n’urwaruka rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Iryo karashishi ryari ryarahagaritswe n’uwahoze ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu mu mwaka wa 2014.

Haraheze indwi zibiri iryo karashishi risubiye gutangura muri komine Rugombo. Abo mu migambwe nka FNL ya Agathon Rwasa ahanini bagizwe n’urwaruka biyamiriza iryo karashishi. Jean Claude Baranyizigiye arongoye urwaruka rwa FNL ku rwego rwa komine Rugombo. Avuga ko iryo karashishi ririmwo amajambo y’iterabwoba.

Mu mugambwe SAHWANYA FRODEBU, Salum Niyonzima arongoye urwaruka rwegamiye uwo mugambwe ku rwego rw’intara yibaza igituma iryo karashishi ryari ryarahagaritswe, ubu ryasubiye gutangura.

Muri CNDD-FDD bararahira bakarengwa ko iryo karashishi ridakorwa n’imbonerakure za CNDD-FDD. Bienvenu Ndayambaje arongoye umuhari w’imbonerakure muri komine Rugombo asigura ko iryo karashishi rikorwa na Club Inkona nk’uko iyindi mirwi yitunganya igakora ikarashishi.

Hagati mu mwaka wa 2014, niho uwahoze ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana yahagarika ikarashishi ryakorwa n’urwaruka rwegamiye imigambwe. Intandaro n’uko iryo karashishi ryavugirwamwo amajambo yo gusomborotsanya, ibitutsi n’iterabwoba.

XS
SM
MD
LG