Uko wahagera

Burundi-Inyigisho mu Ihuriro ry’Urwaruka Zasozerewe.


Inyigisho mu ihuriro ry'urwaruka zatanguye kuwa 4 taliki 31 y’ukwezi kwa 3 umwaka wa 2016, k’urwaruka 360 baserukiye abandi mu gihugu c’Uburundi zasozewe taliki 1 ukwezi kwa 4 umwaka wa 2016.

Izo nyigisho zatangiwe mu ntara ya Gitega. Mu cigwa Perezida Petero Nkurunziza yatanze, yahamagariye urwaruka kumenya ingabire bafise baheze bazivomerere.

Urwo rwaruka rurashima inyigisho rwaronse kubijanye no kumenya kwibeshaho rutarindiriye akazi reta ibaha. Baranashima no ku nyigisho za demokarasi barose.

Urwo rwaruka rubandanya ruvuga ko rugiye guhindura inyifato mu bijanye na demokarasi no kwitunganiriza imigambi.

Umunyamakuru w’Ijwi ry’Amerika Fidele d’Antoine Nsabimana yakurikiranye inyigisho zahawe urwo rwaruka.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:38 0:00

XS
SM
MD
LG