Uko wahagera

Burundi: Ibiciro vyo Kwivuza mu Bitaro Vyigenga Vyadugijwe 30%


Imwe muri fagitire y'umunyagihugu yivuje ibiciro bimaze kuduzwa ku bitaro vyigenga i Bujumbura. Iyi foto Ijwi ry'Amerika riyikesha umukunzi wayo ari mu Burundi i Bujumbura

Mu Burundi, ibiciro vyo kwivuza mu bitaro vyigenga vyaradugijwe ku bice mirongo itatu kw’ijana kuva kw’igenekerezo rya 1 rya kuno kwezi. Vyashikirijwe na muganga Ndayizeye Astère arongoye ishirahamwe rihurikiyemwo ibitaro vyigenga. Amenyesha ko ari mu ntumbero yo kubandanya bitaho ineza y’abagwayi.

Guhera itari imwe y’ukwezi kwa cumi na rimwe, abisuzumisha ku muganga bazohora bariha ibihumbi umunani bahora bariha ibihumbi bitanu, abaja ku baganga b'abahinga (spécialistes) bazohora bariha ibihumbi cumi na bitanu bahora bariha ibihumbi cumi. Muganga Astère Ndayizeye arongoye ishirahamwe ry’ibitaro vyigenga amenyesha ko ikintu cose kizokorerwa umugwayi cadugijwe ibice mirongo itatu kw’ijana kiretse imiti bagurisha bafatiye uko bayiranguye.

Ayo mafaranga yadugijwe kubera ibikoresho vyose vyaduze kw’isoko mpuzamakungu, mu Burundi naho hakaba hari ubukene bw’amafaranga y’agaciro. Nkuko vyashikirijwe na muganga Astère Ndayizeye amenyesha ko iyo ngingo batayifashe kugira bacinyize abagwayi ariko ko bashaka kubandanya bavura neza ababitura.

Mw’ishirahamwe ryishinze guha ijambo abagwayi kugira bashikirize akababakiye, CEMABU, bamenyesha bobo ko iyo ngingo ari mbi. Ngo ije gucinyiza abagwayi. Umuvugizi wa CEMABU, Sylvin Habanabakize, amenyesha ko abagwayi bagiye kugira ibibazo vyinshi.

Habanabakize amenyesha ko bagiye kwitura reta kugira iyo ngingo ihagarikwe. Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, muganga Jean-Baptiste Nzorironkankuze amenyesha ko iryo duzwa ry’amafaranga y’abitura ibitaro vy’abigenga atavyo bari bazi. Amenyesha ko bagiye kuzovugana n’abarongoye ivyo bitaro kugira barabire hamwe ko icatumye iyo ingingo ifatwa gifashe.

Inkuru ya Desire Hatungimana akorera Ijwi ry'Amerika

Ibiciro vyo Kwivuza mu Bitaro Vyigenga mu Burundi Vyadugijwe
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:31 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG