Uko wahagera

Gitega: Imyuzure yashenye urugomero gw'umuyagankuba

Urugomero gw’umuyagankuba rwubatse ku ruzi Ruvyironza mu ntara ya Gitega gwaratwawe n’umwuzure kubera imvura nyinshi imaze imisi igwa.

Ivyo bizotuma umuyagankuba ugabanuka mu Burundi mu gihe utari unakwiye nkuko bimenyeshwa n'uwujejwe gukwiragiza umuyagankuba mw'ishirahamwe REGIDESO.
Iyo mvura ntiyononye ugwo rugomero gusa kuko mu makomine ya Itaba na Makebuko ziri mu ntara ya Gitega hagurutse inzu zishika 146 harimwo amashure n’amasengero.

Imirima nayo nyene yarahuye n’urubura kugera ku ma hegitari yababa ijana. Abajejwe intwaro bakaba basaba abagiraneza kubaronsa imfashanyo yihuta yo kugarukira kubahuye n’ingorane

Voma ibindi

XS
SM
MD
LG