Uko wahagera

Burundi: Jenerali Cyrille Ndayirukiye Yitavye Imana


Cyrile Ndayirukiye
Cyrile Ndayirukiye

Jenerali Majoro Cyrille Ndayirukiye yahumetse umwuka wa nyuma kuri uyu wa gatandatu ku mugoroba.

Ijwi ry’Amerika ryamenye nk’igihe c’isaha cumi n’iminota mirongo ine ko yaguye bukumbi mu gihe abandi banyororo basanganywe bari bamubonye asohoka ata kibazo afise. Umuganga yaje gutabara ntaco yashoboye gukiza kuko hafi isaha cumi n’imwe n’iminota ibiri yaciye acikana.

Aya makuru yahavuye aza kwemezwa n’umwe wo mu muryango wiwe. Ikiziga ciwe caciye kijanwa mu buruhukiro bw’ibitaro vya Gitega ku mugwa mukuru wa poritike aho yari asanzwe afungiwe.

General Ndayirukiye yari afunzwe umunyororo wo guherayo akaba yari yahagaritswe mu kwezi kwa gatanu 2015 yagirizwa ihirikwa ry’ubutegetsi ryaburijwemwo uko kwezi nyene. Yari numero ya kabiri muri iryo hirikwa ry’ubutegetsi.

Umuhisi yarajejwe amabanga atari make mu gisirikare c’Uburundi no mu karere.

Kuva muri 1985 kugeza muri 2015 yatwaye ibigo ya gisirikare bikomakomeye, uturere twa gisirikare, aba umuhanuzi muvya gisirikare mu nzego z’igihugu no mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi, atwara ubwo bushikiranganji hagati ya 2000 na 2002 yongera aja gukora mu ma ambassade nk’umu attaché militaire.

Turetse mu ngabo z’Uburundi, Ndayirukiye yaranarongoye ibigo bikomeye mu karere birimwo EASBRICOM, urwego ruhurikiyemwo abasirikare bari muri brigade yama igavye ku rwego rwa Afurika y’ubuseruko na EEASF, urwego ruhurikiyemwo abasirikare, abapolisi n’abasivire mu bihugu vya Afurika y’ubuseruko, agace k’ibahari Indiyana harimwo n’amazinga ya Comores, Djibouti, amazinga ya Seychelles , Somaliya na Sudani.

Mu ntango z’umwaka wa 2016, uwu mugabo yari yavukiye muri komine Kiganda intara ya Muramvya hagati na hagati mu gihugu c’Uburundi yahanishijwe ugufungwa ubuzima bwiwe bwose yagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi bwa nyakwigendera Pierre Nkurunziza vyaburijwemwo mu kwa gatanu umwaka umwe imbere yaho.

Ibijanye n’ihirikwa ry’ubutegtesi, General Cyrille Ndayirukiye ntiyigeze abihakana.

Mu mburano ziwe n’ubu inyandiko igikwiragizwa ku mbuga nkoranyambaga muri bimwe yemanze yagize ati.

“Ndemanga nk’umusirikare icemezo nafashe naho kitageze ku ntego. Icabiteye cari cisunze amategeko. Ndabisubiyemwo, umwitwarariko wacu kwari ukubaha amategeko n’Abarundi. Narakoreye ihanga ryanje, niharambe Uburundi burangwa n’umwidegemvyo, niharambe Abarundi bazira ubuja, niharambe amasezerano ya Arusha, igihugu kirangwa n’amategeko na demokarasi ».

General Ndayirukiye yavukiye muri komine Kiganda, intara ya Muramvya hagati na hagati mu gihugu c’Uburundi mu mwaka wa 1954.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG