Ku wa kabiri itariki ya 26 y’ukwezi kwa kane, umwaka w’ 2016, abarundi n’incuti z’abarundi barakoze imyiyerekano yo kwibuka umwaka umwe urangiye hatanguye imyiyerekano mu gihugu. Abakoze iyo myiyerekano, bavuze kw’Uburundi bwaboshwe kuva kw’ italiki ya 26 y’ukwezi kwa kane, umwaka w’ 2015. Basavye ishirahamwe mpuzamakungu ONU gutabara, rigahagurukira ikibazo c’umutekano w’abanyagihugu.