Uko wahagera

Amatora yo mu ma Komine mu Burundi


Mu masaha mirongo ibiri n'ane Abarundi baritaba amatora y'amanama mpanuzwajambo ya komine. Imigambwe mirongo ibiri n'ine n'abigenga batanu nibo bahiganwa. Inyuma y'igikorwa co kwiyamamaza carangiye kur'uwu wa gatatu biboneka ko imigambwe itanu ariyo isa niyigiye kwizizira ayo manama mpanuzwajambo ya komine.

Mu masaha mirongo ibiri n'ane Abarundi baritaba amatora y'amanama mpanuzwajambo ya komine. Imigambwe mirongo ibiri n'ine n'abigenga batanu nibo bahiganwa. Inyuma y'igikorwa co kwiyamamaza carangiye kur'uwu wa gatatu biboneka ko imigambwe itanu ariyo isa niyigiye kwizizira ayo manama mpanuzwajambo ya komine. Imigambwe itanu niyo yiyandikishije ngo ihiganwe mu makomine ijana na mirongo ibiri n'icenda agize Uburundi. Vyibonekeza ko uretse ko irusha iyindi migambwe abanywanyi n'uburyo;amafaranga n'ibindi, mur'iyo migambwe itanu, itatu:CNDD FDD,UPRONA na FRODEBU rimwe narimwe ikaza irikora ku buryo bwa reta nk'imiduga n'ibindi mu bikorwa vy'umugambwe n'ubwo bitemewe n'amategeko.

Mu matora yo mu makomine umugambwe wose wiyamamaza ukwawo ariko haba mu mvugo no mu buryo imigambwe yavugana ihuye mu mabarabara biboneka ko hariho ubucuti budasanzwe hagati y'imigambwe FNL,FRODEBU,UPD-ZIGAMIBANGA,UPRONA na MSD ubwo bucuti bukerekana ko iyo migambwe iriko itera yiyunga bigashoboka ko ija hamwe mu matora y'umukuru w'igihugu mu majambo iyo migambwe yavuga ko ifise umwansi umwe uwo nawe ngo ni umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi. Inyuma y'igikorwa co kwiyamamaza kimaze umusi umwe kirangiye umugambwe CNDD FDD wararonse imigambwe cumi ivuga ko iwushigikiye ariko ku mbuga iyo migambwe biribonezeza ko atabanywanyi ifise kuko mu vyukuri iyo migambwe isa niyisigaye igizwe n'abakuru bayo, rimwe na rimwe umuryango, incuti n'abagenzi.

Inguvu z'imigambwe ntivyoroshe kuzitandukanya mu gikorwa co kwiyamamaza n'ubwo imigambwe CNDD FDD, FNL,FRODEBU,UPRONA,MSD na UPD Zigamibanga yerekanye ko izifise gusumba iyindi. Mu gihe iyo migambwe itanu yanyuma tuvuze yoja hamwe nk'uko bivugwa, biboneka ko bitokworohera umugambwe CNDD FDD gutsinda amatora y'umukuru w'igihugu. Imigambwe yose ija mu matora ivuga ko iyatsinda, intsinzi ari "cash" nk'uko bakunda kubivuga ariko kandi Abarundi ntiboroshe abo twaganiriye batubwira ko bazotora ikiri ku mutima ico naco sico bakunda kwerekana haba mu mvugo canke mu myiyerekano y'imigambwe.Abo bageze muri ka kazu kiherereye batoreramwo ntawumenya ico batora. Mu vyo bita "meeting" abanyagihugu baritaba umugambwe uyu bambaye imyamaro yawo bukeye bakitaba uwundi bambaye imyambaro iwuranga cane cane abakoresha amapikipiki n'amakinga bariwa amafaranga kungira bagwize igitigiri c'abitaba ama meeting.Ivyo nivyo bituma abanegura iyo nyifato bavuga ko imigambwe kenshi itizanya abanyawanyi.

Amatora yo mu makomine agiye gutunganywa ku musi wa gatanu afise akamaro kanini ku matora y'abakenguzamateka kuko bazotorwa n'abazoba batowe mu makomine, umugambwe uzotsinda mu makomine uzoca utsinda mu matora y'abakenguzamateka. N'ubwo muri rusangi reta,amashirahamwe n'abanyagihugu bashima igikorwa c'abajejwe umutekano mur'izo ndwi zibiri zirangiye zo kwiyamamaza, ubwicanyi bufatiye kukutubaha abari mu mugambwe wundi bwararanze imyiyamamazo mu ntara zitatu, imishamirano no gutana mu mitwe kw'abanywanyi b'imigambwe vyaratumye abantu benshi bakomereka bitera amakenga ku vyerekeye umutekano ku misi y'amatora. Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Human Rigtch Watch ryarasohoye raporo yerekana ayo makenga. Kubera iyo raporo reta y'Uburundi yaraye ifashe ingingo yo kwirukana mu gihugu umufpasoni MEELA GHOSHAL yaramaze imyaka itatu akorera HRW mu Burundi.

N'ubwo atawunzi uwuzotahukana intsinzi mu matora atandukanye ategekanijwe mu Burundi,ikizwi n'uko muri kahise k'Uburundi ata mugambwe uri k'ubutegetsi uratunganya amatora ngo uyatsinde.

XS
SM
MD
LG