Inama nkuru y’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD irakoraniye mu ntara ya Ngozi mu kiringo c’iminsi 2 kuva kuri uyu wa kane. Yitabwe n’umukuru w’igihugu awukomokamwo. Mu vyo bigira hamwe harimwo kunagura demokarasi ku rwego rw’igihugu hamwe no gukorana n’iyindi migambwe vyari bihanganye mu matora mu mwaka uheze w’2020.
Umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD yifuza ko uwo mugambwe uteza imbere Uburundi bugashika kw’iterambere rirama haba mu vy’ubutunzi, iterambere rusangi, umutekano n’imibano.
Reverien Ndikuriyo, mu gutanguza inama rukokoma ya komite nyobozi y’uwo mugambwe uturukamwo umukuru w’igihugu iriko ibera i Ngozi muri Komine Mwumba, yemeza ko imigambi y’uwo mugambwe ibwirizwa gushigikirwa n’iyindi migambwe bahiganywe mu matora yawushikanye ku butegetsi mu mwaka uheze.
Ibihangange mu muri uwo mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD uhereye ku mukuru w’igihugu birimwo indongozi mu bisata bitandukanye vy’igihugu, abatwara umugambwe mu ntara no mu makomine, inararibonye muri uyo mugambwe n’abandi, barenga 100 bagize komite nyobozi bifuza ko abanywanyi b’uwo mugambwe batosubira gusotorana n’abo mu yindi migambwe ahubwo ko bokubahana.
Reverien Ndikuriyo abahamagarira gukora ibikorwa biha ishusho nziza igihugu aho kucambika iceyi mu makungu hamwe no kwirinda gutoteza abo badasangiye ivyiyumviro vya politike.
Umugambwe CNL watahukanye ikibanza ca kabiri mu matora aheruka ni umwe mu yagiriza uwuri ku butegetsi n’intwaro ko babangamira abanywanyi n’ibikorwa vy’uwo mugambwe utavuga rumwe na reta.
Uwo mugambwe wemereye Ijwi rya Amerika ko abanywanyi barenga 150 bawo n’ubu bagifunzwe bazira ivyaha vyakozwe mu gihe c’amatora. Agathon Rwasa awutwara yizeye ko hamwe indongozi z’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD zitanze ijambo ry’ihumure, nyabuna abanywanyi b’awo zikababuza guhohotera abanywanyi ba CNL, ko ibintu vyohinduka.
Iri koraniro ni ryo rya mbere ribaye inyuma y’amatora yashikanye uwo mugambwe ku butegetsi mu kwezi kwa gatanu kw’umwaka uheze w’2020.
Muri iri koraniro rizomara iminsi ibiri, bitegekanijwe ko hari n’amategeko amwe amwe agenga uwo mugambwe azohinduka, hatorwe n'abakomiseri bashasha ku rwego rw’igihugu.
Imbere y’uko binjira ahabera iryo koraniro ku mutumba Buye uvukako Nyakwigendera uwahoze ari umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, bagenzi we bita “Imboneza yamaho”, bose babwirizwa kwipimisha ikiza c’umugera wa Korona.
Umuvugizi w’uwo mugambwe Nancy Ninette Mutoni, yasiguye ko ari mu ntumbero yo kwirinda ko atawohava yanduza abandi. Yongerako ko ari n’akarorero keza gatanzwe n’indongozi kugira Abarundi bose bijukire ingendo yo kwipimisha no kwirinda ako karanda ka Covid-19.
Facebook Forum