Kuri uno wa gatanu umugwi w'igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora mu Burundi, CENI, wagiranye inama n'abarongoye imigambwe, abazocungera amatora batanzwe n'imigambwe be n'abarorerezi.
Ibibazo nyamukuru bagarutseko vyari bijanye n'itunganywa ribereye ry'amatora yimirije. Pierre Claver Kazihise arongoye CENI yemereye abanyamigambwe kwongereza abazohagararira amatora nkuko bari babisavye.
Yanabamenyesheje ko n'abarorerezi nvamakungu batanguye kwiyandikisha. Ni ko kubamenyesha ko baba abazohagararira amatora canke abarorerezi ari abantu bakomeye cane mu gikorwa cimirije kugira ibivuyemwo vyemerwe na bose.
Yasavye abarongoye imigambwe kubwira ababaserukira kuzana vya ngomba kugira babakorere ibibaranga igikorwa kizotangura igenekerezo rya 23 za kuno kwezi. Ku bafise impungenge ko kumanika intonde z'abazotora vyatevye Kazihise yabamenyesheje ko atakiracererwa.
Facebook Forum