Uko wahagera

Burundi: Buramatari wa Kayanza Agabisha Abatoteza Abandi


Ikarata y'Uburundi
Ikarata y'Uburundi

Abicishije ku rubuga rwo kumenyesha amakuru rw’intara ya Kayanza, buramatari mushasha w’iyo ntara, Colonel Remy Cishahayo, aragabisha umunyagihugu uwo ari we wese yohirahira agatoteza mugenzi we.

Uwo mutware amenyesha ko ata munyagihugu arekuriwe gukizura. Atomora ko gukizura ari akazi kagenewe polisi, iyo nayo igashobora kwikora ku gisirikare mu gihe ikeneye gufashwa. Colonel Cishahayo ahamagarira abanyagihugu gutanga amakuru y’umutekano.

Buramatari wa Kayanza arongera akagabisha kandi abazohirahira bagaca kubiri n’imigambi ya Reta-Mvyeyi. Ngaha, asaba abarongoye ibisata bitandukanye bigize ubuzima bw’intara gukorera abanyagihugu no kubahiriza agateka kabo.

Intara ya Kayanza iri mu zagiye ziravugwamwo gutotezanya cane cane hagati y’urwaruka rwegamiye imigambwe. Ukwo gutotezanya kwavuzwe cane imbere y’amatora aheruka, cane cane hagati y’imigambwe CNDD-FDD na CNL.

Urwaruka rwegamiye umugambwe CNL rwagiye rurahagarikwa ku bwishi, ahanini rwagiriza urwa CNDD-FDD ko rubatoteza mu kubahagarika. Umugambwe uri ku butegetsi ukaba wagiye uramirira kure ivyo uregwa, aho wasigura ko abahagarikwa bagirizwa ivyaha ku gatwe kabo bitandukanye no guhorwa umugambwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG