Uko wahagera

Burundi: Reta Yahagurukiye Gutuza Ibiturire


Jean Bosco Ntahimpera, Umwunganizi w' umushikiranganji mu biro vy'umukuru w'igihugu ajejwe intwaro ibereye
Jean Bosco Ntahimpera, Umwunganizi w' umushikiranganji mu biro vy'umukuru w'igihugu ajejwe intwaro ibereye

Mu nama y’akarere k’uburaruko yo kurabirara hamwe ukuntu igiturire cotuzwa, abarongoye intara z’uburaruko baremeza kw'ibisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu, vyugarijwe n’igiturire.

Mu bushikiranganji bw’intwaro ibereye bwatunganije iyo nama, bavuga kw'igiturire cabaye akaranda.

Bamwe mu bajejwe intwaro bavuga ko bariko barakigwanya cane. Yamara ntiborohewe kuko bakorerwa iterabwoba cane.

Uwaserukiye inama y’igihugu ijejwe umutekano avuga ko bibabaje cane kubona habandanya kuvugwa igiturire mu nzego z’igihugu, mu gihe mw’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi hari ingingo nyinshi zivuga ivyerekeye kugwanya igiturire.

Inyigisho zose zatanzwe n’abakozi bakuru bakuru mu bushikiranganji bwo mu biro vy’umukuru bujejwe intwaro ibereye canke mu gipolisi kidasanzwe kijejwe kugwanya igiturire. Abo bose berekanye ko ibisata vyose vya leta bizingamitswe n’igiturire. Hari mu nama yakoranije abakozi bakuru bakuru mu buzi bwa leta mu ntara z’uburaruko,abadandaza n’abo mu mashirahamwe yigenga. Mu kiganiro kijanye n’uruhara rw’amakomite y’umutekano ahurikiyemwo bose mu kugwanya igiturire.

Sylvestre Marora, umukuru w’ibiro vy'amaho mu nama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano, yavuze ko bibabaje cane kubona igiturire kazingamika igihugu mu gihe ibwirizwa shingiro ry’Uburundi rigaruka kenshi ku kugwanya igiturire.

Abajejwe intwaro mu ntara z’uburaruko bati uwohakana kw' igiturire kigisibije, yoba aswaganije.nk'uko Anicet Niyonkuru, buramatari w’intara ya Kayanza, abivuga.

Haba mu Kayanza, I Muyinga, I Ngozi ndetse no mu Kirundo, abajejwe intwaro bavuga ko bagihagurukiye. Intambamyi ihari n' iterabwoba, ariko ritabahagarika kubandanya.

Mpabansi Jean Berchimas n' umuhanuzi mukuru wa buramatari w’intara ya Muyinga. Umugambi wo kugwanya igiturire mu bushikiranganji bw’intwaro ibereye ufashwe mu mugongo n’igasata ca ONU kijejwe iterambere PNUD. Christine Nkurunziza yaserukiye ico gisata mur'iyo nama, avuga ko kubona ONU ihaguruka igafasha mur' urwo rugamba, nuko igiturire cabaye akaranda.

Jean Bosco Ntahimpera, umwunganizi w’umushikiranganji mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe intwaro ibereye avuga kw'ibikorwa nk’ivyo vyatunganijwe kuva ku nzego zo hejuru. Ati, ni mu ntumbero yo gufasha bose kugira uwuzobandanya akirya, ntazoronke icitwazo.

Umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro ibere yasavye ko imvugo zojana n’ingiro.

XS
SM
MD
LG