Uko wahagera

Burundi: Bamwe mu Baganga n'Abaforoma Bavuga ko Bafashwe Nabi


Marie Bukuru atwara sendika SNTS
Marie Bukuru atwara sendika SNTS

Amasendika abiri y’abaganga mu Burundi SYNAPA na SNTS ariyamiriza ingene abakozi bayahurikiyemwo bafashwe. Mu Kiganiro ayo masendika yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mungu yavuze ko mu ngorane bahura na zo harimwo ugufata nabi abakozi no kubahindurira aho bakorera batagishijwe Inama.

Ayo masendika yemeza ko habuze ibiganiro hagati y’umukoresha n’abakozi ari co gituma zahisemwo kwitura inzego zo hejuru y’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu. Urwego rw’umushikiranganji wa mbere bituye bizeye ko ruzobumviriza rugatorera umuti ibibazo vy’abo baforoma.

Abo bakozi b’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu ntibavuze ko bategekekanya guhamagarira abakozi guhagarika akazi kugira bimwe mu vyo basaba bitorerwe umuti. Ico bikoze abayarongoye bamenyesha ko n’izo ngingo zishobora gufatwa.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buremera ko amakete ayo masendika yanditse yerekana akababaro afise bwayabonye. Dr Jean Bosco Girukwishaka umuvugizi w’ubwo bushikiranganji yabwiye Ijwi ry'Amerika ko azogira ico avuze kuri iyo myidogo y’abakozi kuri uyu wa mbere.

Yavuze ko babanza kumviriza neza ivyo abaserukira ayo masendika bashikirije mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mungu. Ibiro vy’umushikiranganji wa mbere vyituwe ntaco birashima gushikiriza.

Ico bikoze, ni ikibazo cakunze kuvugwa kuva kera, rimwe na rimwe bikavamwo za yegereyegere nyinshi. Urunani mpuzamasendika mu Burundi COSYBU (Confédération des Syndicats du Burundi), rwaciye rwihutira gusaba umubonano umukuru w’igihugu kugira bimwe muri ivyo bibazo bihanze abakozi biganirwe amazi atararenga inkombe.

Ikete risaba uwo mubonano Ijwi ry'Amerika rifitiye ikopi, ryateweko umukono n’uwurongoye urunani COSYBU, Celestin Nsavyimana. Amasendika SYNAPA na SNTS arimwo abaganga n’abaforoma benshi mu Burundi, asanzwe ahurikiyemwo muri urwo runani mpuzamasendika.

Inkuru y'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu Rwanda Pierre Claver Niyonkuru.

Imyidogo ya Bamwe mu Baganga n'Abaforoma Bavuga ko Bafashwe Nabi mu Burundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:11 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG