Uko wahagera

Burundi: Amerika Irashima Ibimaze Kurangurwa


Ambassaderi wa Reta Zunzubumwe za Amerika Dawn Liberi hamwe n’intumwa idasanzwe ya Amerika mu karere k’ibiyaga binini, Thomas Perriello, barabonanye n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre Nkurunziza, abategetsi bakuru ba reta y’Uburundi hamwe na bamwe mu baserukira sosiyete sivile.

Iyo mibonano yabaye kuva ku magenekekezo ya 19 gushika 21 z’uku kwezi kwa kabiri, yar’ ishimikiye ku kurabira hamwe ingene hotunganwa ibiganiro bihurikiwemwo na bose, gutez’imbere demokarasi hamwe n’ugutsimbataza umutekano.

Reta ya Amerika, irashimishwa n’ukubona Prezida yaraneguye amajambo y’urwanko igihe yar’ aho mu Cibitoke, arinaho yatangarije kw’ abashikirije imvugo nk’izo, bazohanwa n’amategeko.

Reta ya Amerika irashimishwa kandi n’ijambo ryashikirijwe na Prezida Nkurunziza kw’abarundi bose, barimwo n’abahunze igihugu, bakwiye kuja mu biganiro kugira baronderere hamwe inzira y’amahoro mu Burundi.

Reta ya Amerika irashimishwa n’ingingo yo gusubira kwugurura amaradiyo abiri yari yugawe, ariko igasaba kw’amaradiyo yose yugawe, yokwugururwa kandi hakaboneka icuka ciza, cotuma abamenyeshamakuru bakorera ibinyamakkuru vyigenga bahunze, bahunguka, bagasubira mu mwuga wabo, bidatavye.

Ivyo, nivyo vyokwerekana ko reta y’Uburundi yiyemeje gutez’imbere ubwigenge bw’ukumenyeshamakuru, nk’uko biri mw’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi no mu masezerano ya Arusha.

Mu gihe mur’izi ndwi zibiri ziri imbere, ariho mu Burundi hitezwe umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, n’abategetsi bo ku rwego rwo hejuru b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’ab’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika,

Reta ya Amerika isaba reta y’Uburundi kudatakaza ako karyo keza izoba ironse, gafise intumbero yo kugarukana Demokarasi.

Irasaba kandi reta y’Uburundi kwemera abarorerezi bigenga b’ubumwe bwa Afrika no kwumvikana ku rindi sango ry’ibiganiro bishasha.

XS
SM
MD
LG