Kuva kuri uno wa mbere mu Burundi hariko haraba rusansuma y’abakozi bose ba reta kugira reta imenye abakozi bayo nkuko bishikirizwa n’ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi. Mu kiganiro inani mpuzamasendika zo mu Burundi zahaye abamenyeshamakuru ntizitahura ukungene igikorwa nkico kiba batagishijjwe inama na rirya harimwo ibibazo biteye amakenga abakozi.
Muri iyo rusasuma abakozi ba reta babazwa ibibazo 108 bagategerezwa ku vyishura vyose ata nakimwe basinvye. Bimwe muri ivyo bibazo babazwa ni nko kumenya ubutunzi bafise, iyo bavuka n’ubwoko bwabo. Nizigiyimana Marie Rosette, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’abakozi n’akazi amenyesha ko intumbero zitatu zifatiye ahanini ku neza y’umukozi ari zo zatumye biyunvira gukora iyo rusansuma.
Urunani mpuzamasendika y’abakozi mu Burundi COSYBU ruvuga ko rwatangajwe niyo rusansuma iriko iraba batagishijwe inama kandi aribo baserukira abakozi. Nsavyimana Celestin arongoye COSYBU amenyesha ko bitari bibi ko reta imenya abakozi bayo ariko agatangazwa n’ibibazo biri muri iyo rusasuma.
Nyawakira Gilbert arongoye urunani mpuzamasendika CSB nawe asaba reta guhagarika iyo rusasuma kugira abo vyega batange intererano yabo. Bamwe mu bakozi ba reta baganiriye n’Ijwi ry’Amerika ariko batashimye gutanga amajwi yabo kugutinya ingaruka zo kuvugira kw’Iradiyo yugawe mu Burundi bamenyesha ko ibibazo babazwa batavyishuye neza kuko batabona akamaro bigiye kubazanira.
Hari n’abavuga ko ikibazo c’i 108 kijanye n’ubwoko bwabo cabateye amadidane. Bamenyesha ko batunva igituma ico kibazo kije uno musi mu gihe mukuronswa akazi batigeze babazwa ubwoko bwabo.
Facebook Forum