Uko wahagera

Burundi: Abanyepolitike Ntibahuriza ku Botahuka Gutegura Amatora


Charles Nditije
Charles Nditije

Abanyepolitike 8 bahunze igihugu c’Uburundi batavuga rumwe na reta basohoye urwandiko rwiyamiriza amatora yimirije na bagenzi babo botahuka kuyitaba.

Mu bashizeko umukono kuri urwo rwandiko harimwo Honarable Charles Nditije wo mu mugambwe UPRONA, Frederic Bamvuginyumvira wo muri FRODEBU, Leonidas Hatungimana yahoze avugira umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza n'abandi ba nyepolitike batandukanye.

Muri urwo rwandiko basiguye ko badashaka kurwa mu mutego w’ubutegetsi bahunze canke kubesha impunzi ngo zitahuke kandi hataragera. Basanga amatora yo mu 2020 adashoboka bafatiye ku co bise " Ihonyarwa rikabije ry’agateka ka zina muntu n’ukutihanganirana mu badasangiye imigambwe".

Abo banyepolitike muri urwo rwandiko bahamagarira abashaka gutahuka kubanza kubigenzura neza kugira ntibazokwisange bishwe canke bafunzwe

Umushingamateka Charles Nditije atwara uruhande rw’umugambwe UPRONA rutavuga rumwe n’ubutegetsi yabwiye Ijwi ry’Amerika ko bamaze mbere no kuronka amakuru akwiye ko Perezida Petero Nkurunziza azokwitoza.

Mw’ijambo aheruka gushikiriza ku munsi wa kabiri w’iyi ndwi ahimbaza imyaka 4 iheze atanguye manda ikirimwo impari, Perezida Nkurunziza yashimangiye yamara ko atazokwitoza.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru

Burundi: Abanyepolitike Ntibahuriza ku Botahuka Gutegura Amatora
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:12 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG