Uko wahagera

Abantu Umunani Baraye Batuririwe mu Mazu i Muyinga n'i Bujumbura


Ahaherereye Intara ya Muyinga
Ahaherereye Intara ya Muyinga

Abantu umunani ni bo batuririwe mu nzu mw'ijoro ryo kuri uyu wa gatatu rishira uwa kane mu ntara za Bujumbura mu burengero na Muyinga mu buraruko bushira ubuseruko.

Inzu yaturiwe i Muyinga yari ku musozi na zone Rugari, komine n’intara ya Muyinga mu buraruko bushira ubuseruko bw’Uburundi. Abari muri yo bose, serugo, umukenyezi wiwe n’abana batatu nta n’umwe yaharokotse.

Bamwe mu banyagihugu bahaba bibaza ko abaturiye iyi nzu boba babanje kuboha abagize uyu muryango imbere yo kuyikonga. Igipolisi na cone kiremeza aya makenga y’abanyagihugu.

Mu butumwa bwanditse bwarungikiwe abamenyeshamakuru, umuvugizi w’igipolisi yavuze ko biboneka neza ko aba bantu babanje kwegeranirizwa hamwe imbere y’uguturirirwa mu nzu yabo. Pierre Nkurikiye yanamenyesheje ko amatohoza yatanguye kandi ko abagabo babiri b’ababanyi b’uwu muryango waraye uherengetejwe batawe muri yompi ku mvo z’amatohoza.

Ayo matohoza, abanyagihugu bamwe bamwe bo mu Rugari basaba ko yoba ayimbitse kurusha. Basigura ko batewe umutima uhagaze n’ubugizi bwa nabi bumaze imisi bwibonekeza muri ako gace.

Ku mutumba witwa Bunywana aho mu Rugari nyene, mu kwezi kwa gatandatu uyu mwaka, abandi bantu batatu bari batowe bishwe batemaguwemwo ibipande. Ibisigarira vyabo vyahavuye bica bifubwa akaba atawamenye umwidondoro wabo canke icabahitanye. Abaturiwe mu Rugari hari nk’igihe c’isaha zitanu z’ijoro nk’uko vyemezwa n’igipolisi.

Akenshi abantu baturirirwa canke babomorerwa amazu mu duce dutandukanye tw’igihugu biba bitewe n’imvo zibiri nyamukuru: ukwagirizwa uburozi canke ivyiyumviro vya politike bihushanye.

Kugeza igihe twategura iyi nkuru, amakuru Ijwi ry’Amerika ryahawe n’amasoko yaryo I Muyinga ni uko ata n’imwe muri zino mvo ishobora kuba iri inyuma y’ubu bugizi bwa nabi.

Mu ntara ya Bujumbura mu burengero, ibara ryaguye ku gacimbiri Ndagano, umusozi na zone ya Nyambuye muri komine Isare. Hari igihe c’isaha zibiri z’ijoro zibura iminota 15 nk’uko igipolisi kibivuga.

Abana batatu umwe w’imyaka 11, uwundi afise imyaka 8 hamwe n’uw’imyaka 4 ni bo baguye mu nkongi y’umuriro itaramenyekana uwayakije. Bose baguye mu nzu ntawaharokotse canke ngo apfe yamaze gushikanwa kwa muganga.

Mu butumwa bwarungikiwe abamenyeshamakuru, umuvugizi w’igipolisi yamenyesheje ko abantu bane barimwo se w’abo bana na nyina abavyara bahagaritswe n’igipolisi. N'aha nyene, imvo zatumye ubu bugizi bwa nabi ntiziramenyekana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG