Uko wahagera

Burundi: Abakozi 8 bo mu Biro vya Prezida Bahagaristwe mu Kazi


Ibiro vy'Umukuru w'Igihugu c'Uburundi
Ibiro vy'Umukuru w'Igihugu c'Uburundi

Abakozi bakuru bakuru 8 bo mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi bahagaritswe mu kazi mu kiringo c’iminsi 15. Abo bategetsi harimwo abatwara ibisata nk’ico kumenyeshamakuru n’abandi, bagirizwa amakosa arimwo kudatonda ku kazi ku masaha. Amakuru ava mu biro vy’umukuru w’igihugu avuga ko ibiro vy’abo vyugaye. Ingingo ibahagarika ni ingingo yafashwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye.

Uwabonye n’amaso yiwe ibiro vy’abahanuzi bamwe bamwe kwa Prezida, nk’uwujejwe igisata co kumenyeshamakuru Willy Nyamitwe, umuhanuzi mukuru Charles Nkusi, uwujejwe ivy’ingendo Godefroid Bizimana, uwahoze ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude Karerwa Ndenzako n’abandi, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ku miryango y’ivyo biro hamanitse igipapuro canditseko ko “abo bategetsi bazogaruka kukazi inyuma y’iminsi 15, uhereye kuri uyu wa mbere italike 16 z’ukwezi kw’8”.

Abandi barabwa n’iyi ngingo nk’uko amakuru yo kwizera abivuga ni Albert Nasasagare, yahora ari umukuru w’abajejwe kugendanira umukuru w’igihugu, Jean Marie Rurimirije, Pascal Barandagiye, yahoze ari umushikiranganji w’ubutungane na colonel Firmin Mukwaya. Abo bose uko ari 8 itegeko ry’umukuru w’igihugu ryerekana ko ari abahanuzi mu bisata bitandukanye mu biro kwa Prezida Evariste Ndayishimiye.

Umwe mu bari kuri urwo rutonde yabwiye Ijwi ry’Amerika ko intandaro y’ibihano vyahawe abo bategetsi ari ugusiba canke ukudatonda ku kazi ku masaha. Ku munsi wa gatanu uheze, hakiri kare mu gatondo, uwo mutegetsi yiganiye Ijwi ry'Amerika ko umuhanuzi mukuru mu vya gisivile (Chef de Cabinet civile) mu biro vy’umukuru w’igihugu, Gabriel Nizigama, yagendeye ibiro bitandukanye vyose mu ngoro y’umukuru w’igihugu yitiriwe Ntare Rushatsi iri mu gisagara ca Bujumbura.

Amakuru Ijwi ry'Amerika ryaronse yemeza ko Gabriel Nizigama atari yateguje abakorera muri ivyo biro. Ico gihe umukuru w’igihugu yari mu rugendo rw’akazi mu Ntara za Gitega, Mwaro, Bururi n’ahandi. Umwe mu bahawe ivyo bihano yikeka ko umukuru w’igihugu ari we yatumye umuhanuzi mukuru mu vya gisivire “kuraba ingene abakozi batandukanye bakora akazi iyo umukuru w’igihugu atahari”.

Ibihano abo bategetsi bahawe bizorangira italike 2 ukwezi kw’9 nk’uko itangazo “Note circulaire” mu rurimi rw’igifaransa riri ku miryango bakoreramwo ribivuga, uwaribonye ni ko yemeje. Yanemeje ko bose bahawe urupapuro rubahana rusinyweko n’umunyamabanga mu biro vy’umukuru w’igihugu.

Ijwi ry'Amerika ryashatse kumenya vyinshi kuri iyi nkuru maze tubaza umuvugizi w’umukuru w’igihugu umufasoni Evelyne Butoyi. Yamara ntaco yashimye kubivugako. N’ubutumwa bwanditse yarungikiwe n'umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika ntiyabwishuye.

Umumenyeshamakuru yari yamubajije ati: “Hari inkuru turiko turakora, yerekeye ko muri Présidence i Bujumbura hoba hari abategetsi 8 harimwo n’abatwara ibisata bimwe bimwe bahagaritswe mu kazi mu kiringo c’iminsi 15 kubera boba batatonze ku kazi ku masaha. Vyoba ari vyo? Mubivuga ko iki? Murakoze”.

Ijwi ry'Amerika ryabajije ico kibazo nyene umuhanuzi mukuru ajejwe ivyo kumenyesha amakuru, Willy Nyamitwe, ubutumwa yarungikiwe hiyongerako akabazo kagira gati: “Na mwebwe mwoba muri kuri urwo rutonde”. Nta nyishu twaronse.

Uwavuganye n’Ijwi ry'Amerika ni Jean Claude Karerwa Ndenzako, yahoze ari umuvugizi w'umukuru w’igihugu ubu yahawe ayandi mabanga. Uyu mu majambo make yagize ati : “Mwiriwe, Ibijanye n'abakozi bo muri Présidence bibazwa Umuvugizi wa Présidence. Yitwa Evelyne Butoyi”. Twamubajije amakuru avuga ko na we nyene ari kuri urwo rutonde rw’abahanywe. Na we ati : “Kuvyemeza canke kubihakana, noba ninjiye mu kazi k’umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu”.

Ingendo umukuru w’igihugu amaze iminsi ariko aragira haba mu gisagara ca Bujumbura umurwa mukuru w’ubutunzi, i Gitega ku murwa mukuru wa politike n’ahandi, yama ariko aragabisha abakozi ba reta badakora neza akazi kabo.

Akarorero ka hafi aho yaheruka guhana bamwe mu bakozi ba reta ku mugaragaro, ni mu kwezi kwa gatandatu guheze aho yakura umuyobozi w’igisata OTRACO gisuzuma kikanatanga ivya ngombwa vy’imiduga, ni na co gishinzwe imiduga ya reta. Umukuru w’igihugu yasiguye ko akomboye mu mabanga uwutwara ico gisata Albert Maniratanga kuko yari yemeye gukwiragiza amashami y’ico gisata mu ntara zitandukanye z’igihugu ariko ntibikorwe. Inyuma y’indwi zibiri akuwe, amashani y’ico gisata ca OTRACO yaciye akwiragizwa mu ntara zitandukanye nka Gitega.

Umviriza Ibindi muri ino nkuru ya Pierre Claver Niyonkuru, akorera Ijwi ry'Amerika.

Burundi: Abategetsi mu Biro vya Prezida Bahagaristwe mu Kazi Bazize Iki?
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:23 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG