Uko wahagera

Burundi: Abajejwe Umutekano Bavuga ko Bishe 2 mu Bitwaje Ibirwanisho


Pierre Nkurikiye umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu n’umuitekano

Abajejwe intwaro n’umutekano muri Komine Matongo y’intara ya Kayanza iri mu buraruko bw’Uburundi bemeza ko inzego zijejwe umutekano zishe abantu 2 “bitwaje inkoho bari mu murwi w’abagizi ba nabi bari bamaze imisi baronderwa."

Musitanteri wa komine Matongo Alice Nsabiyumva yemeje ano makuru ariko avuga ko ata majwi canke ibindi bibazo ari bubwishure Ijwi ry'Amerika. Yavuze ko ari umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano ari bugire vyinshi atangaza.

Mu butumwa bugufi yarungikiye abamenyeshamakuru bwanditse mu rurimi rw’igifaransa, Pierre Nkurikiye yagize ati « Hasambuwe akarwi k’iterabwoba muri aka gatondo i Matongo mu ntara ya Kayanza abihevyi babiri baricwa, umwe arakomereka cane yongera arafatwa. Umwe mu bajejwe intwaro n’umupolisi bakomerekejwe na grenade yatewe n’ako karwi igihe haba ugukozanyako ».

Bulamatari wa Kayanza coloneli Remy Cishahayo azwi kandi afatwa nk’umwe mu bategetsi batimana amakuru na we nyene nta kintu kinini yashikirije. Muri make yabwiye abamenyeshamakuru bakorera mu buraruko bw’igihugu ko abishwe bariko bagomba guhungabanya umutekano kandi bari basanzwe baronderwa kuva ku musi w’Imana uheze.

Ku misi ya gatanu n'uwa gatandatu mu ndwi iheze, abantu bitwaje ibigwanisho baturutse mu kibira batanye mu mitwe n’abasirikare b’igihugu. Babiri barishwe hafatwa inkoho zitari nke, amasasu n’ibindi bikoresho birimwo ibitanga umuyaga nkuba uturutse ku mishwarara y’izuba.

Mu ntango z’ukwezi kw’icumi guheze, muri ako gace nyene ka Kibira haguye umusirikare w’ipete rya coloneli n’umwe mu bamucungera ubuzima mu gihe bahura n’akarwi k’abantu bitwaje ibirwanisho bariko barakizura. Umupfakazi yikekwa gukorana nako yarahagaritswe.

Kugeza ubu nta murwi uriyitirira ibi bitero. Ariko ishamba rya Kibira ririmwo imirwi myinshi y’abantu bitwaje ibirwanisho ikunze kuja irasohoka ikora ibitero mu mihana ihegereye cane cane mu ntara za Cibitoke na Bubanza mu buraruko bushira uburengero na Kayanza na Muramvya. Muri yo harimwo iy’Abanyarwanda. Mbere bamwe mu baheruka gufatirwa muri iryo shamba igisirikare c’Uburundi cabashikirije ic’u Rwanda ku wa 19 ukwezi guheze bikaba vyavuzwe ko ari abarwanyi b’umuhari FLN, umwe mu yirwanya Reta y’u Rwanda.

Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Nairobi muri Kenya

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:46 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG