Uko wahagera

Burundi: Abagera ku 500 Bapfa Bahitanywe n’Ibiza ku Mwaka ku Mwaka


Imyuzure muri Karitiye ya Buterere i Bujumbura
Imyuzure muri Karitiye ya Buterere i Bujumbura

Kuri uyu wa mbere italiki 1 ukwezi kwa 3 amakungu arahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe gukinga ibiza bihitana abanyagihugu batari mu ntambara (Journée mondiale de la protection civile). Mu Burundi, igisata kijejwe gukinga ibiza kivuga ko uwo munsi ushitse mu gihe hibonekeza ibiza biturutse ku myuzurira y’amazi n’imiriro, bihitana abatari bake.

Abantu batari munsi ya 500 ni bo bapfa bahitanywe n’ibiza mu Burundi ku mwaka ku mwaka nk’uko vyerekanwa n’igisata kijejwe gukinga ibiza mu gihugu. Abo bahitanwa n’imyuzire y’amazi, amazu asiduka akarwa ku bantu, imiriro ihitana amazu n’amasoko, imisozi isiduka n’ibindi. Amasanganya yo mw’ibarabara na yo ahitana abarenga abo, hakiyongerako rero ubutunzi bw’igihugu n’imiryango buhahonera, nk’uko ico gisata kivyemeza.

Kuri uyu munsi mpuzamakungu wahariwe gukinga ibiza bihitana abanyagihugu batari mu ntambara, igisata kijejwe gukinga ibiza mu gihugu kivuga ko gifise ubukene budasanzwe mu vyerekeye uburyo bwo gutabara abantu igihe hadutse Ibiza.

Iruhande y’ivyo abajejwe gukingira ibidukikije babazwa n’uko hasigaye hibonekeza izindi mpanuka z’ibikoko vy’imvubu ziva mu kiyaga ca Tanganyika zikarya abantu. Mu mezi atandatu aheze, imvubu zishe abantu 10 i Bujumbura no mu Bumanuko bw’igihugu i Nyanza-Lac.

Mu myaka 10 iheze, impanuka ni kimwe mu vyahitanye abantu benshi kw’isi, kurusha n’intambara, cane cane mu bihugu vy’Akarere ka Afrika y’ibiyaga binini nk’uko vyerekanwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:14 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG