Uko wahagera

Burundi: 56% vy’Abana Batarakwiza Imyaka 5 Bafungura Nabi


Bamwe mu bana bo mu Burundi
Bamwe mu bana bo mu Burundi

Kuri uyu wa kabiri, uwuserukira UNICEF mu Burundi hamwe n'umutambukanyi w'umukuru w'igihugu bagiranye umubonano wari ugamije kwerekana ingene ico kigega ca ONU kizofasha mu mugambi wo kugaburira abana ku mashure mu duce turimwo imiryango ikenye gusumvya iyindi "cantine scolaire".

John Egbe Agbar, umuyobozi wa UNICEF mu Burundi, inyuma y'uwo mubonano yabwiye abamenyeshamakuru ko umwana w’umwigeme abwirizwa gushirwa imbere kurusha.

Umupfasoni w’umukuru w’igihugu asanga n’ubwo abana b’abigeme bakeneye kwitabwaho kurusha, n’abahungu batosigwa inyuma. Yanasavye ko abana ba nyamwema bofatwa n’ico gisata ca ONU citaho ineza y’ibibondo nk’umugwi wakumiriwe bagafashwa ivy’umwihariko.

Hafatiwe ku biharuro bitangwa n’igisata ca ONU kijejwe gutabarana OCHA, ibice 56% vy’abana batarakwiza imyaka 5 mu Burundi bugarijwe n'ikibazo c’ugufungura nabi bakagwara ingwara zibiturutseko. Ni mu gihe umwaka uheze abantu barenga umuriyoni n’ibihumbi 700 bari mu bukene bakeneye gufashwa n’ugusahirizwa kugira babone uko babaho.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu rivuga ko ibi bitigiri bigeze ku bice 40% ibintu biba vyayangaye. Kuva muri 2015, Uburundi buracaharurwa mu bihugu icuka ca politike, imibano n’ubutunzi bitifashe neza. Ibice biri hagati ya 90% na 95% vy’abanyagihugu mu Burundi babeshejweho n’amadolari abiri ku musi.

UNICEF Ivuga ko Igiye Kurushirizaho Gufasha Abana mu Burundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:04 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG