Uko wahagera

Burkina Faso: Abarenga 130 Baguye mu Gitero c'Abitwaje Ibirwanisho


Ishure Koum-Lakre ryegeranirijwemwo abateshejwe izabo n'ibitero vy'intagondwa muri Burkina Faso
Ishure Koum-Lakre ryegeranirijwemwo abateshejwe izabo n'ibitero vy'intagondwa muri Burkina Faso

Abasivile barenga 130 baba mu kigwati citwa Solhan kiri mu ntara ya Yagha iherereye mu buraruko bwa Burkina Faso baraguye mu gitero abitwaje ibirwanisho bagavye ku mihana yabo mu bucagucagu bwo ku wa gatandatu. Iki gitero ni co ca mbere gihitanye abantu benshi kuva intagondwa z’abayisilamu bagendera kw’ihame rya "jihad" zitangura gukora ibitero muri ico gihugu.

Umwe mu bategetsi vy’aho vyabereye yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ko abateye baje bagana ahari ibirindiro vy’abanyagihugu bafasha abajejwe umutekano kurwanya iterabwoba bari mu citwa, Les Volontaires pour la Défense de la Patrie, inyuma yo gutera ivyo birindiro baca birara mu banyagihugu. Amazu atari make yaraturiwe co kimwe n’isoko rikuru ry’ico kirwati nkuko uwo ajejwe umutekano abandanya abibwira AFP.

Reta yemeje ibitigiri vy’abakiguyemwo kuri uno wa Mungu yongera ica ishinga ikigandaro c’imisi itatu kiza catanguye. Nta wuriyitirira iki gitero bikekwa ko cakozwe n'intagondwa z’abayisilamu bagendera kw’ihame rya "jihad". Ibitero vy’uwo murwi w’iterabwoba kuva mu 2015 bimaze guhitana abanya Burkina-Faso barenga 1400.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG