Uko wahagera

Imiryango 150 yo muri komine Bugamba mu ntara ya Cibitoke yataye ingo zabo kubera imvura

Imiryango 150 yo muri komine Buganda, mu ntara ya Cibitoke ntigira aho ikika umusaya kuva ku mugoroba wo kur’uyu wa kabiri. Imvura ivanze n’igihuhusi yaguye yahitanye amazu, imirima ibiti bicako intsinga z’amatara irasasika.

Umutumba wa Kaburantwa niwo wasinzikaye ku mugoroba wo kur’uyu wa kabiri igihe hagwa imvura ivanze n’igihuhusi. Iyo mvura yononye amazu arenga 150 nk’uko vyemezwa n’abanyagihugu n’abajejwe intwaro, kuva ku mutumba gushika ku rwego rwa komine.


XS
SM
MD
LG