Uko wahagera

Uburusiya Bwapfunze Umugabo Yagirizwa Gusumira Urusaku Amerika


Ibiro bijejwe iperereza mu Burusiya, FSB,
Ibiro bijejwe iperereza mu Burusiya, FSB,

Uburusiya Bwakatiye Imyaka 13 Umugabo Yagirizwa Gusumira Urusaku Amerika. Ibiro bijejwe iperereza mu Burusiya, FSB, vyatangaje ano makuru bivuga ko uyo mugabo yitwa Yuriy Yeshchenko yahemukiye cane igihugu ciwe kandi abwirizwa kubihanirwa.

Ivyo biro vyemeza ko Yeshchenko yagerageje gutanga amabanga y’igisirikare c’Uburusiya ayaha ibiro vy’Amerika bijejwe iperereza, CIA. Iperereza ry’Uburusiya ryemanga ko Yeshchenko yemeye ivyo yagirizwa vyose avuga ko avyicuza.

Uburusiya buvuga ko uyo yari asanzwe ajejwe ivy’ubuhinga bwo guhanahana amakuru mu bwato bwegukira igisirikare co mu mazi mu Burusiya, yabitse amwe mu mabanga yacishwa muri ubwo buhinga kuva mu 2015 kugera mu 2017.

Uwo mugabo yoba yatanguye kuvugana na CIA mu 2019, ahagarikwa mu kw’indwi k’uwo mwaka mu gihe yari agomba atange ayo mabanga ayaha CIA.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG