Uko wahagera

Brezil Yanse Imfashanyo yo Kuzimya Ishamba rya Amazon


Igihugu ca Brezil canse imfashanyo y’ibihugu biteye imbere kurusha ibindi kw’isi bigize umurwi G-7. Iyo mfashanyo igenewe kurwanya imiriro iriko yaka mw’ishamba ricimeza rya Amazon.

Umutegetsi mukuru w’abakozi bo mu biro kwa prezida wa Brezil, Onyx Lorenzoni yatangaje ku musi wa mbere ko ayo mafaranga yogira akamaro akoreshejwe mu kubungabunga amashamba acimeza yo mu karere k’i Bulaya.

Imvo y’abategetsi ba Brezil y’ukwanka imfashanyo y’ibihugu bigize umugwi G-7 yatangajwe inyuma yuko umushikiranganji ajejwe ibidukikije w’ico gihugu, Ricardo Salles atangaje ko igihugu ciwe cakiye neza iyo mfashanyo.

Abategetsi b’iugihugu bigize umurwi G-7 bari mu nama mu Bufransa biyemeje gutanga buno nyene imiliyoni 22 y’amadolari agenewe kurwanya imiriro iriko irabica bigacika mw’ishamba ricimeza rya Amazon.

Prezida w’Ubufransa, Emmanuel Macron yari yakiriye inama y’ibihugu bigize umurwi G-7, yavuze ko ishamba ricimeza rya Amazon rigeramiwe n’imiriro muri iki gihe ari amahaha y’isi kubera uruhara rwaryo mu buzima bw’abanyagihugu kw’isi mu gutanga impemu nziza bahema.

Prezida Macron yatangaje ko Ubufaransa bwiteguriye kurungika abasirikare muri Brezil gufasha kurwanya imiriro iriko igeramira ishamba ricimeza rya Amazon.

.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG