Uko wahagera

Bresil: Perezida Bolsonaro Ashobora Gusubiza Inyuma Demokarasi


Perezida mushasha wa Bresil Jair Bolsonaro
Perezida mushasha wa Bresil Jair Bolsonaro

Mu gihugu ca Bresil, umushingamateka ari mu murwi w’abanyapolitike w’intagondwa zishigikiye amatwara y’abakurambere, Jair Bolsonaro, yaraye atsinze amatora y’umukuru w’igihugu.

Intsinzi yiwe yatumye abantu bagira ubwoba ko imigambi yari imaze gutera imbere mu gisata co kubahiriza agateka k’abanyagihugu hamwe n’ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro bishobora gusubira inyuma.

Bolsonaro akomoka mu mugambwe "Parti social liberal" yatsinze n’amajwi 56% mu matora y’incuro igira kabiri, yabaye ejo ku musi wa mungu.

Uwo bahiganywe ku rundi ruhande rwo mu bubamfu, Fernando Hadda wo mu mugambwe w’abakozi “Parti des travailleurs” yaronse amajwi 44%.

Bolsonaro yahoze ari umukapiteni mu gisirikare. Azwi kubera imvugo ikarishe hamwe n’ibintu yemereye abanyagihugu vyatumye bamuha agatazirano ka “Tropical Trump”. Ni ukuvuga ko agereranwa na Perezida Donald Trump w’Amerika.

Perezida Donald Trump uyu musi ku wa mbere yatangaje ko yayaze neza n’uyo mutegetsi yatowe mu gihugu ca Bresil, kandi bemeranije kunagura ubudandaji hagati y’ibihugu vyabo vyombi.

Bolsonaro yiyamamaje avuga ko azoshira imbere intwaro yubahiriza amategeko kandi azoha abapolisi uburenganzira bwo gutuza inkozi z’ikibi.

Yamara abanya Bresil benshi baratewe umutima uhagaze n’ukuntu yama yavuze ko akunda intwaro z’igitugu zaranze ibihubu vy'Amerika yo mu bumanuko mu myaka iri hagati ya 1964 na 1985, hamwe n’ukuntu yama yavuze nabi abirabure, ababana basangiye igitsina hamwe n’abapfasoni.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG