Uko wahagera

Boris Johnson Yasibishije Urugendo Rwiwe mu Buhindi


Boris Johnson Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza
Boris Johnson Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza

Boris Johnson yatangaje ku musi wa mbere ingingo itegeka abanyagihugu kuguma mu ngo zabo inyuma yuko ubwoko bushasha bwa Corona bwiyadukije.

Boris Johnson yavuganye n’umushikiranganaji wa mbere w’Ubuhindi, Narendra Modi mu gitondo c’uno musi ku wa kabiri kugira yerekane ko ababajwe n’uko atazoshobora kugerandera igihugu ciwe mu mpera z’uku kwezi nkuko vyari bitagekanijwe.

Boris Johnson yatangaje ku musi wa mbere ingingo itegeka abanyagihugu kuguma mu ngo zabo inyuma yuko ubwoko bushasha bwa Corona bwiyadukije. Yatangaje ko ingingo yihuta yari ikenewe kugira servisi z’ubuvuzi ntizirengerwe n’ibitigiri vy’umurengera vy’abanduye uwo mugera.

Yamara Johnson aracafise icizere c’ukugendera Ubuhindi mu gice ca mbere c’uyu mwaka w’i 2021 imbere yuko umushikiranganaji wa mbere w’Ubuhundi, Narendra Modi aja mu nama y’umurwi G-7 ugizwe n’ibihugu biteye imbere kurusha ibindi kw’isi mu vyerekeye ubutunzi izobera mu Bwongereza mu mpera z’uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG