Uko wahagera

Bombe Yahitanye 11 muri Afuganistani


Abategetsi muri Afganistani batangaza ko abarwanyi bateye inzego z’umutekano n’inyubakwa za reta mu burengero bw’igihugu. Bavuga kandi ko abo barwanyi bishe, bongera bakomeretsa abantu batari bake.

Mu ntara ya Farah, abategetsi bavuga ko bombe yaturikiye ku nzira mu gitondo c’uno musi wa kabiri, yahitanye abantu cumi n’umwe bari mu muduga wunguruza abantu, yongera ikomeretsa abandi 40.

Umuvugizi wa reta muri iyo ntara ya Farah, Nasar Mehri yabwiye ijwi rya Amerika ko abakenyezi n’abana bari mu bahakomerekeye. Yagiriza kandi abarwanyi b’Abatalibani kuba baheruka kunyegeza mu butaka amabombe mu karere ka Bala Buluk. Avuga ko intumbero yabo yari iyo kugaba ibindi bitero ku nzego za Afganistani zijejwe umutekano.

Ntawiyitiriye ibitero bikomeye vy’ayo mabombe.

Inyuma y’amasaha make niho hagirwa ibindi bitero bikomakomeye vyagizwe n’abantu biturikijeho amabombe, ku nyubakwa za reta mu buseruko bwa Afganistani, hagakomereka abantu cumi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG