Uko wahagera

New York: Bombe y'Umwiyahuzi Yakomerekeje Bane


Aba polisi bari ahaturikiye bombe
Aba polisi bari ahaturikiye bombe

Umuntu azwi kw’izina rya Akayed Ullah yaturirkije bombe yari yiboheyeko mu gikiriza hafi y’ikibanza amabisi ashikiramwo mu gisagara ca New York, mu gitondo c’uno musi ku wa mbere.

Akayed Ullah yakomeretse mur’ico gitero hamwe n’abandi bantu batatu

Umukuru w’igisagara ca New York, Bill de Blasio yatangaje Ullah yagerageje igitero c’iterabwoba.

Umukuru w’igipolisi mu gisagara ca New York, James O’Neil yamenyesheje ko, Akayed Ullah ariko avurwa mur’iki gihe aho yakomeretse mu bitari biri hafi y’aho yatutikije bombe. O’Neil yavuze ko yaturikije n’impaka bombe yari yiboheyeeko mu gikaraza.

Ivyo mukuru w’igisagara ca New York, James O’Neil yabitangarije abamenyeshamakuru ari kumwe n’umukuru w’igisagara ca New York, Bill de Blasio na bulamatari wa Reta ya New York, Andrew Cuomo, mu gitondo c’uno musi ku wa mbere.

Igopolisi cemeza kw’abandi bantu batatu bakomeretse.

Vyitezwe kw’amayira atatu y’amatereni agendera musi y’ubutaka yari yugawe asubira kwugururwa mu masaha yo ku muhingamo.

Aho iyo bombe yaturikiye hegereye ikibanza kigenderwa cane n’ingenzi ca Times Square.
Sarah Huckabee Sanders ajejwe gutangaza amakuru mu biro kwa perezida wa Amerika, yatangaje ko Perezida Donald Trump yaciriwe ku mayange ku kugene ibintu vyifashe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG