Uko wahagera

Bombe Yatezwe mu Muduga Yahitanye Abagera kuri 80 muri Somaliya


Abantu bagera kuri 80 ni bo bamaze kumenyekana ko bahitanywe n’igisasu ca bombe catezwe mu modoka i Mogadishu ku murwa mukuru wa Somaliya.

Umukuru w’igisagara ca Mogadishu Omar Finish yemeje ko abakomeretse bagera ku 90. Ni mu gihe abajejwe umutekano na bo bavuze ko abenshi mu bakiguyemwo bari abanyeshure bo muri za kaminuza bari mu modoka yunguruza abantu benshi.

Uwutwara kaminuza yitwa Banadir yasiguye ko abanyeshure biwe 17 bahasize ubuzima abagera kuri 20 barakomereka.

Nta murwi n’umwe uriyitirira ico gitero ariko umwe mu basesangura ivya Somaliya yatangarije Ijwi ry’Amerika ko ibimenyetso vyose bikwiye kugira citirirwe umurwi w’intagondwa za al-Shabab.

Perezida wa Somaliya Mohamed Abdullahi Mohamed yateye ivyatsi abagavye ico gitero avuga ko ari igitero “abuzuye urwanko bagavye ku nzirakarengane”.

Polisi ya Somaliya ku ruhande rwayo yavuze ko igitero co kuri uno wa gatandatu kiza imbere mu vya hitanye benshi muri uno mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG