Uko wahagera

Bombe Yaraturitse Ejo mu Gisagara ca Nairobi


Igitero ca Bombe i Nairobi muri Kenya
Igitero ca Bombe i Nairobi muri Kenya

Umukuru w’igipolisi ca Kenya yari yatangaje mu ntango kw’ivyo vyari vyatewe n’ikibazo c’ukudakora neza kw’umuyagankuba.

Igipilisi mu gihugu ca Kenya catangaje ko cemera kw’atari ikibazo c’umuyagankuba, kw’ari bombe yaturitse ejo ku musi wa mbere hagati mu gisagara ca Nairobi, igakomeretsa abantu mirongo itatu na batatu.

Umukuru w’igipolisi ca Kenya yari yatangaje mu ntango kw’ivyo vyari vyatewe n’ikibazo c’ukudakora neza kw’umuyagankuba.

Yamara Isosiyete y’umuyagankuba mu gihugu ca Kenya yavuze kw’ivyo bidashoboka. Ivyabona batari musi ya babiri babwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, Associated Press, kw’umuntu afise ubwanwa bwinshi yasize isaho mu kibanza abantu bagurishirizamwo ibidandazwa mw’isoko imbere yuko azimangana.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Kenya, Raila Odinga yavuzeko ico cari igikorwa c’iterabwoba. Akaba yavuze kw’igihugu ca Kenya kigeramiwe ngo yamara ntikizocika inkokora.

Umugwi w’intagondwa z’aba Islamu, al-Shabab waragabishije ibitero mu gihugu ca Kenya. Abategetsi b’igihugu ca Kenya bagiriza uwo mugwi ku bitero bitari bike vy’amagrenade vyabaye imbere yaho.

XS
SM
MD
LG