Uko wahagera

Bombe ya Al-Shabab Yahitanye Abantu 6 i Mogadishu


Isanamu y'ahabereye igitero
Isanamu y'ahabereye igitero

Abategetsi muri Somaliya batangaza ko habaye igitero ca bombe yo mu muduga ku nyubakwa ya reta. Ico gitero cahitanye abantu batandatu gikomeretsa abandi cumi na batandatu.

Iyo bombe yaturikijwe ku biro vya reta vy’akarere ka Hodan I Mogadishu.

Ababibonye bavuga ko ico gitero cagizwe kuri uno musi wa mbere casenyaguye bikomeye iyo nyubakwa.

Mu makuru yashikirijwe n’umupolisi Ibrahim Mohamed mu ntaramakuru y’abafaransa AFP, yavuze kw’ico gitero cari gikomeye cane.

Ku mbuga z’abo bikorana babicishije ku mbuga ngurukana bumenyi, umugwi w’abagwanyi ba al-Shabab, biyitiriye ico gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG