Uko wahagera

Bombe y'Umwiyahuzi Yahitanye 8 muri Afuganistani


Aha ni ahabereye igitero mu ntara ya Nangarhar
Aha ni ahabereye igitero mu ntara ya Nangarhar

Umwiyahuzi yaturikije bombe yica abantu umunani uno musi ku wa kane mu buseruko bw’igihugu ca Afuganistani, akomeretsa abandi cumi na batandatu.

Abategetsi bavuga kw’ico gitero cabereye ku murwa mukuru w’intara ya Nangarhar, hanze y’inyubakwa y’uwahoze ayoboye igipolisi mur’iyo ntara.

Umuvugizi wa reta y’intara ya Nangarhar, Attaullah Khogyani, yatangaje kw’abahitanywe hamwe n’abakomerekejwe n’igitero bari abashigikiye umukuru w’igipolisi muri iyo ntara. Basaba kw’asubaizwa mu mabanga yiwe .Nta wiyitiriye buno nyene ico gitero ca bombe.

Igitero c’uno musi ku wa kane, cabaye amasaha makeyi inyuma yuko umuvugizi w’igipolisi yemeje kw’abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu baciye imitwe abandi barwanyi b’uwo murwi cumi na batanu mu gice ca Achin mu ntara ya Nangarhar.

Uwo muvugizi Khogyani avuga kw’ivyo vyatewe n’ukutumvikana hagati y’abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu ubwabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG