Uko wahagera

Bola Tinubu Yarahiriye Kuba Prezida wa Nijeriya


NIGERIA-POLITICS-TINUBU-russie
NIGERIA-POLITICS-TINUBU-russie

Bola Tinubu, uno musi ku wa mbere, yarahiye mu mabanga y'umukuru w'igihugu ca Nijeriya.

Arahiye mu gihe hari akamo gatera kiyongera gasaba ko haba akarusho ku bijanye n’ubutunzi n’umutekano mu gihugu. Abantu benshi baridoze ko ibintu vyabaye nabi cane ku ntwaro ya Muhammadu Buhari. Gatoyi inyuma y’uko Bola Tinubu, afise imyaka 71, arahiye mu birori vyabereye ku murwa mukuru, Abuja, Buhari yaciye afata inzira imujana ku kibuga c’indege agana ku muhana iwe muri Reta ya Kaduna, aho yatangaje ko azorangiriza akaruhuko kiwe ko mu za bukuru.

Bola Tinubu, yahoze ari Bulamatari wa Reta ya Lagos, akaba ari umunywanyi w’umugambwe wa Buhari, yemeye kuyobora igihugu neza kurushiriza.

Nigeriya ni igihugu kinini cane kurusha ibindi muri Afrika kandi ni co ca mbere mu vyerekeye ubutunzi. Vyongeye gifise abantu benshi kurusha ibindi bihugu kuri uwo mugabane.

Mw’ijambo yashikirije, mw’ijoro ryo ku musi w’Imana, Tinubu yaratangaje ko Nijeriya camunzwe na ruswa kandi kirangwamo umutekano muke n’ibindi bibazo bitari bike. Yamara avuga ko ata vyitwazo azokoresha, ko yiyamamarije amabanga ya prezida azi ibibazo bimurindiye.

Abatamushigikiye bamubona nk’umutu ari mu bategetsi bari bahasanzwe ataco bahinduye mu gihugu.

Ku musi w’Imana, Mohammadu Buhari, yarashigikiye ivyo yashoboye kurangura mu mabanga yiwe y’umukuru w’igihugu. Yaratangaje ko ibikorwa vy’inyubako nshasha, nk’amabarabara, ibiraro n’ibibuga vy’indege vyaranguwe, bizoba umushinge w’iterambere ryo muri kazoza. (REUTERS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG