Uko wahagera

Boko Haram Yarishe 65 bari mu Maziko muri Nijeriya

Abagabo batwaye ikiziga cishwe inyuma y'igitero ca Boko Haram ku banyagihugu bariko barapfuba uwabo i Budu, hafi ya Maiduguri, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya, Itariki 28/07/2019.
Abagabo batwaye ikiziga cishwe inyuma y'igitero ca Boko Haram ku banyagihugu bariko barapfuba uwabo i Budu, hafi ya Maiduguri, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya, Itariki 28/07/2019.

Umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram warishe abantu bagera kuri 65 bari ku maziko mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya, nkuko vyashikirijwe n’abategetsi ejo kuw’Imana, ni mu gihe ibiharuro vya mbere vyavuga ko 23 aribo bishwe.

Buramatari wa reta biciwemwo Muhammed Bulama, avuga ko abandi bantu cumi bakomeretse kandi ico gitero kwoba kwari ukwihora ku barwanyi ba Boko Haram 11 bishwe n’abanyagihugu mu ndwi zibiri ziheze.

Mu ndwi iheze abanyenijeriya baributse imyaka 10 Boko Haram itanguye kwica abantu, aho abarenga 30,000 bamaze kuhasiga ubuzima, abaharurwa mu miliyoni bataye ingo zabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG