Uko wahagera

Bill Clinton Yahoze ari Prezida w'Amerika Yasohotse Ibitaro


Bill Clinton yahoze ari prezida w'Amerika, Madamu wiwe Hillary Clinton kumwe n'abanganga bariko bavura Clinton

Bill Clinton yahoze ari prezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yasohotse ibitaro vyo mu gisagara ca Los Angeles kiri muri reta ya Californiya yari yinjiye ku wa kabiri w’ino ndwi.

Angel Ureña avugira Clinton yemeje ano makuru avuga ko yariko avugwa, ubwandu bw'amaraso (Infection) agirako atangaza ko ubu amerewe neza.

Umwe mu begereye Clinton yavuganye n’abamenyeshamakuru ariko akabasaba ko amazina yiwe adatangazwa nawe yemeje ko ubwandu Clinton yagize ari ubwo mu mihora icamwo imikoyo kandi bwakwiragiye mu maraso yiwe.

Si ubwa mbere Clinton agize ibibazo vy’amagara kuva avuye ku butegetsi. Mu 2004, abaganga bamubaze kubera ibibazo vy'umutima, mu 2005 bamubaga kubera ibibazo vy’amahaha, mu 2010 yinjira ibitaro kubera ibibazo vy'umutima.

Ibi yamara ntivyamubujije kubandanya kuboneka ku rubuga rwa politike: Akatari gake yarabonetse ashigikira abakandida bo mu mugambwe wiwe w'abademokarate, barimwo umugore wiwe Hillary Clinton na Prezida Barack Obama.

Bill Clinton yategetse Amerika kuva kw’itariki ya 20 y'ukwa mbere mu 1993 kugera ku ya 20 ukwa mbere mu 2001.

  • 16x9 Image

    Diane Nininahazwe

    Diane Nininahazwe akorera igisata c'Ikirundi n'Ikinyarwanda kuva mu 2015. Imbere yo gutangura gukorera ku cicaro gikuru i Washington-DC nk'umumenyeshamakuru n'uwushinzwe imbuga ngurukanabumenyi z'ico gisata (Digital Lead), yakoreye Ijwi ry'Amerika mu Burundi, i Buraya ku murwa mukuru w'Ubudagi i Berlin, no mu gisagara ca Los Angeles muri Reta ya California iri mu burengero bushira ubumanuko bw'Amerika. Umwuga wo kumenyesha amakuru yawutanguye mu 2004 aho yakoreye ibimenyeshamakuru bitandukanye birimwo iradiyo yigenga Bonesha Fm n'ikimenyeshamakuru c'Abafaransa, Le Point Afrique. Imbere yo gukorera Ijwi ry'Amerika, Nininahazwe yarakoze nk'umumenyeshamakuru yigenga ibiganiro vy'amashirahamwe yigenga arimwo iryo mu Buholande, La Benevolencija, iry'Abanyamerika, PSI, iry'Abadagi, EIREN, na CED-Caritas Burundi. Kuva mu 2011, ari mu murwi w'abamenyeshamakuru igisata ca ONU kiraba ivy'ubutunzi, UNECA, gikoresha nk'abigenga mu gukurikirana amanama mpuzamakungu ku vy'ihindagurika ry'ibihe n'iterambere rirama. Afise impamyabushobozi ya kaminuza mu gisata co kumenyesha amakuru mu bijanye n'iterambere (Communication Pour le Développement), n'urupapuro mu vy'umwuga wo kumenyesha amakuru muri rusangi (Multimedia Journalism). Amaze gutahukana ubushimwe butandukanye mu vy'ukumenyesha amakuru burimwo bubiri mpuzamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG