Uko wahagera

Umupolisi Shelby Yishe Umwirabure Ashobora Gufungwa Imyaka 4


Umupolisi Betty Shelby
Umupolisi Betty Shelby

Abashikirizamanza bo mu gisagara ca Tulsa, muri Reta ya Oklahoma, iri mu bumanuko bwa Leta Zunze Ubumwe z'Amerika, bagiriza umupolisi Betty Shelby, ko yarashe Terence Crutcher, umwirabure w’imyaka 40, kw’itariki ya 16 mur’uku kwezi kw’9.

Ividewo yafashwe yerekana Shelby arashe uwo mugabo, mu gihe yaradugije amaboko, ariko arakurikiza ivyo yasabwa vyose n’abapolisi. Uwuburanira Shelby, amenyesha ko Shelby yamurashe ariko aragerageza kumwikiza. Yamara igipolisi kimenyesha ko Crutcher ata nkoho yar’afise mu modoka yiwe.

Mu gihe ico caha comwagira, umupolisi Betty Shelby ashobora kuzokatigwa umunyororo utari munsi y’imyaka ine.

XS
SM
MD
LG