Uko wahagera

Batanu Bahitanywe n'Isanganya y'Indege muri Kongo


Abasirikare bari ahakorokeye indege yo mu bwoko bwa Antonov 32 yakorotse mu mwaka wa 2008 i Goma

Abantu bashika kuri batanu bapfuye bahiye kuri uyu wa gatanu inyuma y’isanganya ry’indege ntoyi yo mu bwoko bwa Antonov yakorotse muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo ku rubibe ico gihugu gihana na Angola, nkuko bishikirizwa n’abategetsi.

Iyo ndege yari iy'ikompanyi y’indege Air Kasaï, yakorotse ata mwanya uheze ikiguruka mu gisagara ca Kamako, mu bumanuko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo, yari yerekeje mu gisagara ca Tshikapa, kiri ku birometero 150 mu buraruko.

​Iyo ngede yakorokeye mw’ishamba riri ku birometero bitatu uva mu gisagara ca Kamako. Abantu babiri nibo barokotse barimwo umudereva wayo hamwe n’ingenzi. Ivyo vyashikirijwe n’ubutegetsi muri ako karere.

Ribaye isanganya ry’indege ribaye muri Kasai mu kiringo kiri munsi y’ukwezi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG