Uko wahagera

Kongo : 6 Baguye mu Mishamirano y'Abasirikare n'Abitwaje Ibirwanisho


Abasirikare ba Kongo

Abantu batandatu harimwo abasirikare babiri barishwe ku musi w’Imana mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo, mu gutana mu mitwe hagati y'igisirikare ca reta na bamwe mu barwanyi b’imirwi yitwaje ibirwanisho mu ntara ya Kivu yo mu buraruko.

Igisirikare ca reta cemeje ayo makuru, catangaje ko ukwo gutana mu mitwe kwabereye hafi y’igisagara ca Beni, igihe urunani rw’imirwi ibiri y’aba Mai Mai bakoze igitero ku kirindiro c’igisirikare ca reta.

Umuvugizi w’igipolisi, Liyetena Jules Tshikudi, avuga ko batujije abagize ico gitero bicamwo bane abandi bane barakomereka.

Ku bw’amakuru amwe amwe, ico gitero coba cagizwe n’urunani rw’imirwi y’aba Mai Mai bakingira abo mu bwoko bw’aba Nande.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG