Uko wahagera

DRC: 200 Ntibaraboneka Inyuma y'Insanganya y'Ubwato Yahitanye 45


Iki
Iki

Abategetsi mu burengero bwa Republika iharanira demokrasi ya Kongo bavuga ko abantu 45 bapfuye abandi 200 irengero ryabo rikaba ritazwi inyuma yuko ubwato buzamye mu kiyaga Mai-Ndombe.

Simon Mboo Wemba, ayoboye igisagara ca Inongo, yabwiye itororkanirizo ry’amakuru ry’abanyamerika, Associated Press, ku musi w’Imana ku muhingamo ko benshi mu bari muri ubwo bwato bwagize isanganya mu kiyaga Mai-Ndombe bari abigisha. Ubwo bwato buvurwa ko bwari butwaye abantu barenga 400.

Simon Mboo Wemba avuga ko abo bigisha bari bagiye kwakira imishahara bafashe ubwato kubera amabarabara muri ako karere ameze nabi.

Amenyesha ako abana 11 bari mu bapfuye igihe ubwato barimwo bwazama kubera imukuba mwinshi mu kiyaga Mai-Ndombe.

Simon Mboo Wemba avuga ko igipolisi cahagaritse kapiteni w’ubwo bwato. Itohoza rikaba ririko riraba.

Abategetsi bagabishe ko ibikorwa vy’ukurondera abazimanganiye muri ico kiyaga bishobora kuzofata hagati y’indwi imwe canke zibiri.

Ubwato mu gihugu ca Kongo kenshi butwara ibitigiri birengeye urugero vy’abantu n’imizigo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG