Uko wahagera

Barack Obama Yemeye Kuzokorana n'Ishirahamwe NBA-Africa


Barack Obama Yahoze ari Prezida w'Amerika
Barack Obama Yahoze ari Prezida w'Amerika

Barack Obama yahoze ari Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika azokorana n'ishirahamwe, NBA-Africa. Obama yafashe ingingo y’ukwifatanya n’iryo shirahamwe mu ntumbero y’ugufasha abanyagihugu na cane cane abakiri bato ku mugabane w’Afrika.

Obama azoba afise imitahe igereranye muri iryo shirahamwe rishasha. Afise imigambi y’ukuyikoresha mu gufasha imigambi yiwe yerekeye abakiri bato n’ubuyobozi y’ishirahamwe ryiwe, Obama Foundation, muri Afrika.

Uyu wahoze ari prezida w’Amerika yatangaje ko mu gushira inguvu mu banyagihugu, gushira imbere uburinganire hagati y’ibitsina hamwe n’ugutuma abantu bakunda umupira w’amaboko wa basketball, yemera ko ishirahamwe NBA-Africa rishobora gutuma haba igihushane ku mikangara yo muri Afrika itari mike.

Ishirahamwe NBA ryatangaje ko rishizeho ishirahamwe NBA-Africa mu kwezi kwa gatatu kw’uyu mwaka. Ni ishirahamwe rishasha rijejwe gukorera muri Afrika. Rizokwirikirana amahiganwa y’umupira w’amaboko wa basketball harimwo ihiganwa rya Basketball Africa League, BAL, mu mpfunyapfunyo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG