Uko wahagera

Ben’amamangazini I Kamapala Barahagaritse imirimo yabo kugira Biyamrize ibiciro vy’Ibifungugwa n’Ibitoro Bitera Biduga.

Ishirahamwe ry’abadandaji mu gisagara ca Kampala, ryasavye abadandaji guhagarika imirimo yabo

Abafise amamangazini ku murwa mukuru w’igihugu ca Uganda, Kampala no mu bindi bice vy’igihugu barugaye imiryango y’amamangazini yabo ejo ku musi wa gatatu, mu ntango y’imisi ibiri y’ukwiyamiriza ibiri bitero biduga.

Ishirahamwe ry’abadandaji mu gisagara ca Kampala, ryasavye abadandaji guhagarika imirimo yabo inyuma yuko ibiganiro hagati y’ababaserukira na Reta bigenewe kworosha ikiguzi c’ukugira imirimo y’ubudandaji ataco bishitseko.

Igipolisi ca Uganda caragenzuye amabarabara yo ku murwa mukuru, Kampala bitumwe n’amakenga kw’ishavu ryatumye haba imyiyerekano mu gihugu yamaze indwi zitari nke mu kwezi kwa kane. Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Human Rights Group rayatangaje ko ugutana mu mitwe kwabaye hagati y’igipolisi n’abari mu myiyerekano vyahitanye abantu icenda, abandi barenga amajana abiri na mirongo itanu barakomereka.

Prezida wa Uganda Yoweri Museveni yavuze ko iduga ry’ibiciro vy’ibifungugwa n’ibitoro vyatumwe n'nkurikizi z’uruzuba n’ibiciro vy’ibitoro biri hejuru ku masoko mpuzamakungu.

XS
SM
MD
LG