Uko wahagera

Banki y'Isi Yose na ZEP Vyemereye Uburundi Imiriyoni 86 z'Amadorari


Umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta Domitien Ndihokubwayo na Madame Véronique Kabongo atwara Ibanki y'Isi yose mu Burundi
Umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta Domitien Ndihokubwayo na Madame Véronique Kabongo atwara Ibanki y'Isi yose mu Burundi

Ibanki y'isi yose hamwe na ZEP zigiye guha imfashanyo Uburundi amafaranga angana n'imiriyoni hafi 90 z'amadolari y'abanyamerika azofasha kugwanya ubukene mu rwaruka no kubaronsa akazi hamwe n'abakenyezi no guteza imbere ibisata vy'uburimyi n'ubutare n'agataka.

Umushikiranganji w'ikigega ca Reta amenyesha ko bizofasha rwose na cane cane ko hazokorwa ivyigwa vyerekana ahakwiye gushirwa inguvu kurusha no kuronsa ubumenyi urwaruka bitewe n'uko akenshi n'ururi mu mashirahamwe birugora kwitunganiriza imigambi.

Amasezerano yasinywe hagati ya Reta y’Uburundi n’ibanki y’isi azoshoboza Uburundi gushira mu ngiro umugambi wo guha ubushobozi urwaruka rwaciye mu mashure ariko rutigeze rugira amahirwe yo kuronka akazi. I ruhande y’urwaruka, uyu mugambi uzonateza imbere abakenyezi. Umushikiranganji w’ikigega ca reta yashyize umukono kuri aya masezerano, yavuze ko ari ikintu gihambaye ku gihugu.

Domitien Ndihokubwayo avuga ko mu myaka itanu uyu mugambi uzomara ata nkeka hazoboneka impinduka zidasanzwe habe n’akarusho mu kuronsa akazi cane cane urwaruka. Ndihokubwayo atwara ubushikiranganji bujejwe ikigega ca Reta kuri uyu wa mbere kandi yakiriye mu biro iwe ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura abaserukira ibanki ya ZEP harimwo umukuru wayo. Iyo banki ijejwe gutanga imfashanyo z’imigambi y’iterambere mu turere twa Afrika y’ubuseruko n’iy’ubumanuko. Ibisata igiye gushiramwo amafaranga harimwo ivy’amagara y’abantu hamwe n’uburimyi.

Amafaranga ibanki y’isi yemeye muri uyu mugambi w’imyaka itanu ni imiriyoni 80 z’amadolari y’abanyamerika na yo ZEP ikazoha Uburundi ayagera ku miriyoni 6 z’amadolari y’abanyamerika nyene. Aya mabanki yemeye izi mfashanyo mu gihe ubumwe bwa Bulaya busanzwe ari bwo bwa mbere buronsa amafaranga Reta y’Uburundi bwari bwarahagaritse kuyiha imfashanyo kuva mu ntango za 2016 buyiziza uguhungabanya agateka k’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Haheze amezi biriko bigiranira ibiganiro kugira busubire kuyiha imfashanyo. Ariko naho amafaraga ubumwe bwa Bulaya butayacisha muri Reta bukayaha amashirahamwe n’ibisata vya ONU vyitaho ineza n’iterambere ry’abanyagihugu, buracari ubwa mbere butanga amafaranga menshi mu Burundi kuko hagati ya 2015 na 2020, ibitigiri butanga vyerekana ko bwarungitse mu Burundi miriyoni 430 y’amafaranga y’abanyabulaya.

Inkuru y'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Eloge Willy Kaneza

Imigambi Izorangurwa Biciye mu Mfashanyo ya ZEP na Banki y'Isi Yose
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:47 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG