Uko wahagera

ONU: Ban Ki-Moon Yasezeye


Ban Ki-Moon, Umunyamabanga Mukuru wa ONU
Ban Ki-Moon, Umunyamabanga Mukuru wa ONU

Ban Ki-Moon, umunyamabanga Mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, yatangaje kur’uyu wa gatanu ko igisagara ca Alepo, muri Siriya citiranwa n’umuriro udahera. Hari mu nama ya nyuma yakoresheje, imbere yuko aheza ikiringo ciwe, ikiringo kizohera mu mpera z’uyu mwaka w’Ibihumbi Bibiri na Cumi na Gatandatu.

Ban Ki-Moon yavuze ko bananiwe no gutabara abanyagihugu bo muri Siriya, kandi ko hatabonetse impuhwe n’ubutungane ata mahoro azoboneka mur’ico gihugu.

Kur’uyu wa gatanu, Reta ya Siriya yahagaritse ibikorwa vyo gukura abanyagihugu mur’ako karere, ivyatumye abandi ibihumbi basubira kwugaranigwa hagati mur’izo ntambara ziri mu gisagara ca Alepo. Abagwanyi bari mur’ico gisagara bagiriza Reta ko yashatse gukura abanyagihugu mur’ako karere. Reta ya Siriya yo ivuga ko yahagaritse ico gikorwa biturutse ku gitero cakozwe n’abagwanyi ku miduga yariko irunguruza abanyagihugu.

Ban Ki-Moon yahamagariye Reta ya Siriya kureka igikorwa co gukura abanyagihugu mur’ako karere kikabandanya. Mw’ijambo ryiwe rya nyuma nk’Umunyamabanga Mukuru wa ONU, Ban Ki-Moon yagarutse ku vyaranze ikiringo ciwe, agaruka ku matati ari muri Sudani y’Ubumanuko, ku ntara ya Cisjordanie, yigaruriwe na Israyeli, hamwe no ku masezerano y’i Paris ku bijanye n’ikirere, amasezerano yasavye ko yoshigikigwa kandi akabandanya gutezwa imbere.

Ban Ki-Moon, yarongoye ONU mu kiringo c’imyaka cumi iheze, akazosubirigwa kuva itariki ya mbere y’ukwezi kwa mbere mu mwaka w’Ibihumbi Bibiri na Cumi n'Indwi, n’uwahoze ar’Umushikiranganji wa mbere wa Portugal, Antonio Guterres.

XS
SM
MD
LG