Uko wahagera

Urugendo rwa Ban Ki-Moon muri Haiti


Umunyamabanga Mukuru wa ONU, Ban Ki-moon (mu kuboko kw'iburyo), muri Haiti, aho yagiye kugarukira ku mbarabare zasinzikajwe n'igihuhusi Matthew.
Umunyamabanga Mukuru wa ONU, Ban Ki-moon (mu kuboko kw'iburyo), muri Haiti, aho yagiye kugarukira ku mbarabare zasinzikajwe n'igihuhusi Matthew.

Umunyamabanga Mukuru wa ONU, Ban Ki-Moon, kur’uyu wa gatandatu, yagendeye akarere ka Les Cayes, mu bumanuko bwa Haiti, aho igihuhusi Matthew cahitanye ibitari bike. Mur’ugwo rugendo, Ban Ki-Moon yagendeye imiryango yasigaye mu kangaratete, bivuye kw’amazu yabo yasenyuwe n’ico gihuhusi.

Imbere y’uko Ban Ki-Moon ashika mur’ako karere, hari habaye uruhagarara hagati y’abakozi b’Ishirahamwe rya ONU n’abanyagihugu bivuye ko abanyagihugu bagwaniye imfungugwa bari bagemuriwe. Abasirikare ba ONU bakaba babanje gusuka ivyuka vyakira ku banyagihugu, kugira bashobore gutekana.

Umuhuzabikorwa mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu yatangaje ko hari i conteneri zibiri zo mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu rijejwe imfungurwa, zibwe hafi y’ico gisagara ca Les Cayes.

Ku mugoroba wo kur’uyu wa gatandatu, Umunyamabanga Mukuru wa ONU, Ban Ki-Moon, akaba yavuye aho aca aja ku mugwa mukuru wa Equateur, i Quito.

XS
SM
MD
LG