Uko wahagera

Bamwe mu Bategetsi b'Afurika Basezeye ku Muhisi Kenneth Kaunda


Umuhisi Kenneth Kaunda yabaye perezida wa Zambia

Abakuru b’ibihugu vya Ghana, Kenya, Afrika y’epfo na Zimbabwe bashitse ku murwa mukuru, Lusaka gutera iteka umuryango wa Kaunda yitavye Imana mu kwezi guheze afise imyaka 97.

Abantu bibukira Kaunda kuba yashikanye Zambiya ku ntahe yo kwikukira mu kwikurako intwaro y’Abongereza mu mwaka w’i 1964, hamwe no kuba yarashigikiye imihari yaharanira inyungu z’Abanyafrika. Yarafashije kandi mu rugamba rw’ugutuma Abanyafrika bashikira ubutegetsi mu bihugu vya Angola, Mozambike, Namibiya, Afrika y’epfo na Zimbabwe.

Mu gihe Zambiya iriko ihangana n’ikiza ca covid-19, abitavye ibirori vyo gusezera Kaunda bari bambaye udufukamunwa kandi batereganye.

Kuva Kaunda yitavye Imana kw’italiki 17 y’ukwezi kwa gatandatu ahitanywe n’ibibazo vyo mu mahaha, igisirikare carajanye n’indege ikiziga ciwe mu ntara 10 zigize igihugu kugira abanyagihugu bo mu bice vyose bamusezere.

Azoshingurwa kw’italiki 7 y’uku kwezi kw’indwi. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG