Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Guinee-Bissau, Nuno Gomes Nabiam afise umugera wa Corona hamwe n’abandi bashikiranganji 3.
Iyo nkuru yatangajwe n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu uno musi ku wa gatatu. Bapimwe uwo mugera ku musi wa kabiri. Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, Antonio Deuna yabwiye abamenyeshamakuru ko muri iki gihe bakumiriwe mw’ihoteri iri ku murwa mukuru, Bissau.
Nta birenga ngaho yamenyesheje ku kugene bamerewe canke niba bariko baravurwa. Yamara yagabishije kw’urugero rw’abandura umugera wa Corona mu gihugu rushobora kwiyongera.
Guinee-Bissau imaze kwemeza gushika ubu ko abantu barenga 70 bafise umugera wa Corona, mu gihe umuntu umwe ari we amaze guhitanwa n’uwo mugera.
Nabiam yarangije mu kibanza ca gatatu mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye mu mwaka uheze. Yagenywe na prezida yatsinze ayo matora, Umaro Sissoco Embalo mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere mu mpera z’ukwezi kwa mbere kw’uyu mwaka w’i 2020.
Facebook Forum