Uko wahagera

48 Bahitanywe n’Insanganya y’Umuduga muri Uganda


Aba polisi ba Uganda
Aba polisi ba Uganda

Umuryango utabara imbabare muri Uganda, Croix-Rouge, utangaza ko abagera kuri 48 barimwo abana 12 baraye bahitanywe n’insanganya y’umuduga wo mu bwoko bwa bisi yasekanye n’ikiduga cagenda kitakije amatara.

Umuvugizi w’igipolisi ca Uganda, Emilian Kayima, ku ruhande rwiwe yemeza ko 22 ari bo baguye muri iyo nsanganya yabereye mu karere kitwa Kiryandongo gaherereye ku birometero 220 uwa ku mugwa mukuru Kampala.

Igihugu ca Uganda kiri mu bihugu vya mbere kw'isi bivugwamwo insanganya y’imiduga ituruka ku mabarabara mabi, ugutwara nabi n’imiduga ishaje.

Ubushikiranganji bujejwe ivyo kwunguruza abantu n’ibintu muri Uganda bwemeza ko hagati y’umwaka wa 2015 na 2017, abaharurwa mu 9500 bahitanywe n’amasanganya yo mu mabarabara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG