Igihugu ca Afrika y’Epfo catangaje ko abantu babiri ba mbere bishwe n’ikiza ca corona muri iki gihe abamaze kwandura uyo mugera bashika ku 1000.
Ivyo bibaye kandi mu gihe ico gihugu cafashe ingingo zibuza abanyagihugu kuva mu ngo zabo mu kiringo c’indwi zitatu.
Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu yavuze ko abo bantu bapfuye baba mu ntara ya Cape yo mu burengero, irimwo igisagara Cape Town.
Igihugu ca Afrika y’Epfo ni co kirimwo igitigiri kinini c’abamaze gufatwa n’umugera wa corona ku mugabane wa Afrika wose.
Mu gisagara ca Johanesburg, ejo ku musi wa kane mw’ijoro, abapolisi barakoresheje ivyuma birungika amajwi kure, bahimiriza abantu kuva mu mabaraba.
Perezida Cyril Ramaphosa yarashikirije ijambo abasirikare n’abapolisi, imbere y’uko ingingo zitegeka abanyagihugu kuguma mu mazu yabo zishirwa mu ngiro
Facebook Forum