Uko wahagera

Aung San Suu Kyi Ari mu Rugendo mu Gihugu ca Thailande


Abashigikiye San Suu Kyi Ku Kibuga c'Indege c'i Bangkok muri Thailande
Abashigikiye San Suu Kyi Ku Kibuga c'Indege c'i Bangkok muri Thailande

Bitegekanijwe ko Aung San Suu Kyi amara imisi itari mike mu gihugu ca Thailande .

Umunyepolitike rurangiranwa amaze igihe kirekire aharanira demokrasi mu gihugu ca Birmaniya, Aung San Suu Kyi, ari ku murwa mukuru w’igihugu ca Thailande, mu rubaye urugendo rwiwe rwa mbere mu mahanga, mu myaka mirongo ibiri n’ine, mu vyarangije ikiringo c’ugukumirwa c’igihugu ciwe.

Aung San Suu Kyi yaramukijwe n’abamenyeshamakuru hamwe n’abamushigikiye isinzi baririmba izina ryiwe, inyuma yuko indege yarimwo yururukiye ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’I Bangkok, mw’ijoro ry’ejo ku musi wa kabiri.

Bitegekanijwe ko Aung San Suu Kyi amara imisi itari mike, mu gihugu ca Thailande . Bitegekanijwe kandi kw'azobonana n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Thailande, Yingluck Shinawatra, akazoshikiriza ijambo abazoba bari mw’ikoraniro ryerekeye ubutunzi mu karere ko muri Asia yo mu buseruko, muri iyi ndwi.

Aung San Suu Kyi yari yaranse kuva mu gihugu ca Birmaniya imbere yaho, kubera ubwoba bw’uko abategetsi b’ico gihugu batari kumwemerera, kugaruka mu gihugu.

XS
SM
MD
LG